
Mu kirundi, umukenyezi afise agaciro gakomeye cane mu muryango no mu rugo. Hampande yo kwitwa umufasha, niwe ahanini agaragaza ishusho y’umuryango mu gihe tuzi ko ariwe ina rugo. Ni we araba ivyo murugo akabiha agaciro, Ni yo mpamvu bavuga ko: “Umugore ari Mutima w’urugo.”
Iri jambo rifise insiguro yimbitse: Umutima ni wo utuma umubiri ubaho neza, mu gupompa amaraso awutemberamwo, ukagira ubuzima. N’uko rero, umugore afatwa nk’umutima w’urugo kuko ari we aha urugo ubuzima, agakomeza urukundo n’ubumwe, ndetse akarufasha kugira umurongo.
Ni we atuma urugo ruba ahantu hizewe, hakirirwa abashyitsi, hakarererwa abana, kandi hakaboneka ituze n’ihumure.